Imvutano ni akaranga


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 25 septembre 2020  à 11 : 38 : 23
a

Ibihugu birashobora guhurira kukaranga canke umuco umwe kandi bitegeranye.

Imvutano ni impuzo y`imararubanza ku murundikazi w`umunyakaranga.

Aho hambere mu mpuzu z`ibiti warasangamwo iyo bita imvutano hamwe n`umutamana vyambarwa n`abakenyezi ari nako karanga kumukenyezi waho hambere.

Aha rero turumva ko imvutano ari kimwe mu mico y`ikirundi ikomoka mu Burundi ariko hari ibindi bihugu tubona bifise inyambaro ishusha n`iy`abakenyezi babarundikazi.

Twovuga nk`igihugu c`ubuhindi aho tubona abakenyezi bambara imvutano nk`abarundikazi kandi ivyo bihugu vyose ataho bihuriye.

Ibi bihugu bibiri ntaco bisana nta rurimi, nta rukoba, nta karere bihuje kuko bitegeranye nagato ariko abakenyezi bivyo bihugu bakambara inyambaro zishusha.

Umuco mubijanye n`inyambaro y`umurundikazi ntiyatitutse kanini nubwo uburundi bwaciye mu bukoroni bigatuma imico ivangatirana, iyindi igatituka ndetse ikinjiranamwo.