Akabenzi…umufaransa


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 1er octobre 2020  à 10 : 35 : 24
a

Mugihe abarundi batari bake baho hambere bafata ko gufungura inyama y’ingurubu ari umuziro bivanye n’imigenzo y’amadini canke y’intara bavamwo,ubu ivyari magera vyarageruwe.

Akabenzi canke umufaransa ni amazina bita inyama y’ingurube.

Mubotwaganiriye umwe yatumenyesheje ko yatanguye gufungura akabenzi atazi kwari inyama y’ingurube.

Yatumenyesheje ko yumvise iteguye neza kandi iryoshe bimutuma agira akayabagu acaramenyera kuyifungura.

Ubu inyama y’ingurube ikaba ihurumbirwa nabatari bake kandi bigatuma iguma izimba.

Kubahora bitwaza amadini canke imico y’intara ubu barazibaga kumugaragara,twovuga nk’uduce two mugisagara ca Bujumbura ahagwiriye abisiramu bafata ico gitungwa nk’ikizira.

N’ubworozi bw’ingurube ngo bwarijukiwe cane n’abarundi mu mihingo mwinshi kubera ko ingurube igwira ningoga kandi ikagurwa cane, kugiciro ciza n’abayangayanga kubera mu gihugu hose ubu barayifungura.