Abageze muzabukuru barahangayikishwa n’ukubaho.


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 2 octobre 2020  à 09 : 17 : 36
a

Abageze muzabukuru bakwiye gufashwa hakanategurwa n’itegeko ryobagenga kugira basozere ubuzima bwabo neza.

Umushingwamanza Cyrille Fresh Isirabahenda ngo muburundi ntategeko rirajaho ritomora neza ukwabageze muzabukuru bofatwa, nko mubijanye no kwivuza canke gukingirwa ngo ntanahamwe bitegekanywa.

Bicaye kumabarabara basega abandi batembera basabiririza abo bagasigura ko bariko barondera ico bofungura canke bafungurira abuzukuru bareze.

Naho hari abari mu mabarabara hariho nabandi begeranirijwe hamwe mu bigo bifashwa n’abagiraneza nk’ibigo vy’ababikira, ariko ivyo bigo ni bike kandi ntabushobozi bwo kwakira bose bifise.

Hari n’abandi bashaje ariko bafise imiryango, nk’abusanga abana babo barapfuye bakabasigira abuzukuru bigaheza bikabagora kubarera bagahitamwo kuja gusega kugira batunge iyo miryango.

Kuri uyu wambere Gitugutu uburundi bukaba bwarifatanije n’amakungu muguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abageze mu zabukuru wahimbarijwe mw’ikomine ya Gihanga intara ya Bubanza.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yaratanze imfashanyo kubageze muzabukuru bari mu bikigo vyababikira Centre des sœurs missonnaires de charite mw’i Rohero,mu Kajaga n’ikigo Sainte Elisabeth kiri i Gihanga.