Burundi : Urundadazwa rwa mafaranga kuri telephone ni ngirakamaro mukwiyungunganya


Yanditswe na: Emmanuelique Ndacasaba , lundi 3 juin 2019  à 11 : 40 : 38
a

Urwaruka rukora Urundandazwa rwo kurungika amafaranga hakoreshejwe telephone ngendanwa ku buryo bwatunganijwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako ruremeza ko urwo rundandazwa rubafasha mukwiyungunganya mu buzima bwabo.

Abaganiriye na Burunganews baraduha umuco ku bijanye n’urwo rudandazwa n’ingene biyumviriye kurutangura .

Ugeze hagati mu gisagara ca Bujumbura ubona imitaka yanditseko lumicash canke ecocash, abantu bambaye uduhuzu tw’ibara ry’umuhondo canke iritukura canke ry’ubururu bahamagara abarengana ko bogura ama inite canke kurungika amahera.

Tugeze kuri Avenue de l’Amitie mu gisagara hagati ca Bujumbura niho twaciye tuganira nabariko barahakorera umwe muribo aratwiganira ingene yinjiye murwo rudandazwa n’ingene yansanze bimufitiye akamaro avuga ati :

« Jewe mpejeje kwiga narabonyeko atakazi nzoronka niko kwegera umuntu yarasanzwe abizobereyemwo akangira inama kubijanye nako kazi ».

Yakomeje kutubwira ko ashobora kuriha inzu akanigaburira aratwereka n’abagenzi biwe bagize ubukwe mu buryo buvuye aho nyene nabo barabitwemerera.

Bikorwa hakoreshejwe uburyo bwa terefone bwashizweho na mashirahamwe yo gutumatumanako kandi iyo nzira irihuta gushikana amafranga kuwuyarungikiwe kanatsinda ntisaba gutonda umurongo nko mu ma banki kandi amafranga ashikira muri terefone yanyeneyo agaca abibona ubwo nyene, nkuko yabandanije abitubwira.

Tumubajijeko adashobora kuzimira atwishura agira ati : « Ntibishoboka kuko ucuzuza urutonde rurakubwira nuwo uyarungikiye ugaheza ukabaza umukiliya izina ry’uwo ashakako ashikira ».

uwurungitse n’uwurungikiwe barakatwa amafranga kuyarungitswe bisunze ibiciro vyatunganijwe n’amashirahamwe baba barimwo. Ingene biheza bikabungukira nuko uko uronka abakiliya mw’ishirahamwe ukorera baza barakwandikira hama ukazohembwa bivanye nabakiiya waronse kandi nabo bayahabwa muri terefone.

Kuronka abakiliya benshi rero bisaba inguvu zitarinke kuko birashobora gushika ukababura, Nkuko uwatwiganiye abitubwira.

Intabamyi ntizibura nkuko abitubwira. Bisigaye bihurumbirwa n’ abantu benshi kuburyo kuronka aba kiliya bisigaye arikibazo urashobora kumara umusi atawugushoreye nkuko abandanya abivuga.

Agaheraheza asaba abantu kudasuzugura akazi akariko kose mugihe ubona koshobora kukubeshaho nokugira umutwe ushobora kwishakira akazi .

Amashirahamwe yogutumatumanako akoresha ubwo buryo ni Econet yashizeho Ecocash, na Vietell yanshinze Lumicash hamwe na Lacell yashinze pesa smart .