Impanuka zo mwibarabara zica abantu benshi


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 27 novembre 2020  à 12 : 28 : 32
a

"Akamaro k’ibikorwa vyambere bikorerwa uwagize isanganya ry’umuduga" ico Nico civugo c’uyumwaka kundwi yahariwe kugwanya amasanganya yo mwibarabara yasozerewe uyumusi.

Mu birori vyogusozera iyo ndwi,umushikiranganji agejwe gutwara abantu nibintu yasavye abaraho kwibuka abantu bama bahitanwa namasanganya acasaba abagendesha umuduga nibindi vyuma vyungurabantu ko bakwisunga amategeko kugira bakinge amasanganya.

Ishirahamwe Croix Rouge ngo riratabara cane kandi rirafasha mugihe habaye amasanganya ariko rigasaba Reta ko yocungera canke ko amategeko yo kugendesha imiduga yubahirizwa ngo kuko mu masanganya menshi usanga ava kubagendesha imiduga bakoramakosa.

Bundoye Désire ajejwe igisata co gukinga impanuka muri Croi Rouge akamenyesha ko bagiye kwigisha abantu gushika ku muryango umwe umwe wose niburiburi umuryango ubemwo umuntu umwe azi ibikorwa vyambere akorera uwugize isanganya imbere yugushikanwa kwa muganga.

OMS ntizohengeshanya gufasha kubijanye n’imiti nibindi bikenerwa mugukinga impanuka no mukuvura abashikiwe nizo mpanuka,vyashikirijwe n’uwaserukiye OMS ari nawe ayirongoye mu Burundi Keita Bah.

Indwi yahariwe kugwanya impanuka zo mumabarabara ikaba yatanguye kuwa 23 Munyonyo urangira kuruyu wa 27 Munyonyo