ingingo nshasha zo kugwanya Covid19


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 3 décembre 2020  à 14 : 09 : 27
a

Ingingo zo kurwanya no gukinga CORONA zakomejwe.

Ubushikiranganji bw’amagara yabantu no kurwanya Sida bwibutsa ingenzi nabene ama hoteri zishikiramwo ko ingingo zo kwirinda no gukinga ikiza Corona virus zakomejwe.

Imvo ngo nuko haguma hibonekeza ibitigiri vyinshi vyingenzi zishika kubutaka bw’Uburundi zifise ibimenyetso vy’ico kiza.

Ubwambere Thaddee Ndikumana amenyesha abifuza kuja canke bavuye mumahanga bose ko ikigo c’igihugu #INSP conyene arico kirekuriwe gupima ico kiza no gutanga impapuro ( certificat) zerekana ingene amagara y’ingenzi yifashe.

Kubaba bashikiye mugihugu hagati bava hanze bifashishije ikiyaga canke amabarabara, imisi bazomara barukwabo ntiyahindutse(72) gusa bazoyimara mubibanza vyabigenewe mumahoteri ari muntara bashikiyemwo, n’ibipimo bikazokorerwa murayo mahori yabakiye.

Ngo bishitse mundege, mubwato canke mumodoka hakabonekamwo uwugaragaza ibimenyetso vy’iyo ngwara abarimwo bose bazoca bajanwa mw’ihoteri source du nil aho bazomara amasaha 72 yiyongera kuyarasanzwe ategekanijwe.

Amahoteri y’i Bujumbura nayo ngo kuvubu niyazimenye mukuzana ingenzi yakiriye kwipimisha mwihoteri source du Nil nkuko azokwimenya nokubavana kukibuga c’indege.

Umushikiranganji rero agasaba abajejwe gucungera imbibe n’ ikirere kumera magabo bakamenya ahumwumwe wese yashikiye.