Bujumbura igiye kwifatanya n`ibindi bisagara


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 10 décembre 2020  à 13 : 24 : 46
a

Ikiza ca Sida na Korona virisi vyahagurukiwe n’ibisagara.

Kuri uyu wa 10 Kigarama 2020, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yateye igikumu kumasezerano yogufashanya n’abandi bakuru b’ibisagara bikoresha ururimi rw’igifaransa.

Ayo masezerano akaba ar’ayo gufashanya mubijanye no kugwanya ingwara cane cane ikiza ca SIDA hamwe na Covid19.

Ayo masezerano akaba yahagarikiwe n’uwuserukira ONU/SIDA mu Burundi hamwe n’uwaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu.

Jimmy Hatungimana yamenyesheje ko ubuserukizi bw’ igisagara ca Bujumbura atako butagira mukugwanya ibiza n’ingwara zibangamira abanyagihugu, ngo intambamyi ni nyinshi kuko igisagara gihuriramwo abantu batandukanye bava mumice itandukanye eka ngo ningenzi zitari nke bigatuma ingwara zigwirirana.

Akaba yasavye abarongoye amakomine agize igisagara ca Bujumbura baraho kumufasha cane muguhimiriza abo barongoye kwikingira ikiza ca SIDA na Covid19 mbere ngo babirandurane n’imizi.

Uwuserukira ONU/SIDA akaba yamukeje kumasezerano ashizeko umukono ngo bizofasha abanyagisagara kwifatanya n’abandi bo mubindi bihugu gutuza ikiza ca SIDA, akaba ari nawe yahawe ayo masezerano ngo ayajane i Genève kucicaro ciryo shirahamwe.