kumafaranga ibihumbi bine ushobora gutahana imodoka


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 14 décembre 2020  à 12 : 48 : 15
a

Hari tombora iriko irabera mugisagara ca Bujumbura,iyo tombora yatunganijwe n’ishirahamwe Xin Long ryo mugihugu cubu chinois rifatanije na LONA yo muburundi.

Nkuko bishikirizwa n`ababitunganije bikemezwa n’umuyobozi wa LONA ngo ivyo biri muntumbero yo gufasha abanyagihugu mukuronswa akazi nokwitezimbere kuko batombora ibikoresho vyinshi kandi bibafasha mukwiyungunganya.

Ivyo batombora ni : amamodoka, amapikipiki, amakinga, amatelevisiyo, amamashine nyabwonko n`amaterefone.

Iyo tombora ngo iratandukanye n`izindi zahora zikorwa kuko igizwe n’ibintu vyinshi kandi ikorwa kumugaragaro ntabusuma ngo kuko ugura itike ukayiharurira ahonyene usanze harimwo icutomboye ucukironswa ahonyene utiriwe uraja kure.

Uretse gutombora ngo n’urwaruka rwaraharonkeye akazi aho hari abarenga ijana bajejwe kudandaza amatike,imishahara ikaba iri hagati y’ibihumbi 150 hamwe n’ibihumbi a500 vy`amarundi.

Iyo tombora ikazoherana nukwezi kwa Kigarama uyu mwaka.