urudandazwa rwo mukinywabi rwahitanye abantu


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 14 décembre 2020  à 13 : 05 : 09
a

kuri uyu wa 14 Kigarama mu bucagucagu, umuntu umwe yitavye Imana, nayo Ibitenge 1.877 biciye imiriyoni zirenga 52 z’amafaranga y’amarundi birafatwa n’igipolisi kunkengera z’ikiyaga ca Tanganyika.

Nkuko bivurwa na Renovat Sindayihebura arongoye komine Mukaza, Ngo uyo muntu yitavye Imana mugihe igipolisi cariko kigerageza gufata ubwato yari atwaye buvuye mugihugu kibanyi ca Congo buzanye ivyo bitenge m’uburundi munzira zitemewe n’amategeko.

Renovat Sindayihebura amenyesha kandi ko ikigo OBR caciye gifata ingingo yo kubidandaza maze amafaranga avuyemwo akazoja mukigenga ca Reta.
Nayo ubwato ngo bugaca busamburwa.