OTB,indwi yahariwe icayi


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 21 décembre 2020  à 11 : 32 : 51
a

OTB igiyekwongereza indimiro, isanure amahinguriro yongere yagure isoko.

Ihinguriro ry’icayi OTB rimenyesha ko rigiye kwagura indimiro, aho rishorera umwimbu ryongere risanure n’amahinguriro.

Imvo ngo nuko muri kino gihe umwimbu wicayi uguma wiyongera, kandi ngo rigomba no gutezimbere gusumba igiterwa c’icayi, kwongereza umwimbu n’akanovera muntubero yo gukurikiza umugambi wa reta yashiz’imbere uburimyi.

Bishikirizwa na Manirakiza Paul ajejwe gukurikirana amashirahamwe yabarimyi bicayi muriryo hinguriro.

Uyo mutegetsi avuga ko mumwaka wa 2019 iryo hinguriro ryaronse umwimbu ungana amatone ibihumbi cumi y’icayi giseye.

Muri 2020, gushika mukwezi kw’indwi ryari rimaze kuronka amatoni arenga ibihumbi cumi vy’icayi giseye (10.817 tonnes).

Kubijanye n’indimiro, ngo rishaka kwongera kuri bur’ihinguri amahegitare ijana (100 ha) burimwaka, nukuvuga amahegitare 500 kumahinguriri atanu rifise burimwaka.

Ivyo vyonyene bikazotwara imiriyoni ijana (100.000.000) z’amafaranga y’amarundi, nukuvuga imiriyoni amajana atanu (500.000.000) kumwaka kumahinguriro atanu.

Ngo mugihe naho ryahora rishorera icayi kw’isoko mpuz’amakungu rimwe rya Mombassa mugihugu ca Kenya, ubu ngo rigiye kuzohora rigishorera ni Dar-es salaam mugihugu ca Tanzaniya.

Ngo kuko vyarabonetse ko abaguzi bitoraguza mugutanga amafaranga make kukiro na cane cane muribibihe vyikiza ca COVID19 naho OTB ngo kitayikozeko cane kuko yagumye yimbura ukuri kwamye, ihemba abakozi kandi atanumwe yirukanywe kubera ingaruka mbi zico kiza.

Aho nimugihe iyindwi #OTB yarihariye ico giterwa mw’ihayanishwa ryivyo rikora ririko ribera hano i Bujumbura aho bitegekanijwe ko abakozi n’abarimyi bitanze gusumba abandi bazoshimirwa.

Ngo bariteze benshi mubarundi bazomenya #OTB icarico, ivyikora atarukwihereza icayi gusa batazi iyo kiva, n’ingene gihingurwa.