ibiciro mu misi mikuru


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 24 décembre 2020  à 12 : 04 : 09
a

Abarundi bararyoherwa cane n’imisi mikuru irangiza umwaka.

Haribonekeza impinduka nyinshi mu mpera no muntango y’umwaka cane cane k’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura,ahusanga abantu bariko baritegurira imisi mikuru.

Bamwe bagasuma ibifungugwa nk` inyama n’ibindi bifungugwa bizimvye badakunda kuronka muyindi misi.

Ibijanye n`ibifungurwa kuri uyu wa kane ku masoko haribonekeza iduga ry`ibiciro cane twovuga nk`inyama ikiro cahora k`ibihumbi cumi ubu kikaba kigeze ku bihumbi cumi na bitatu.

N`ivyambagwa ntivyasigaye inyuma mukuzimba, cane cane ivy`abana.

Ibindi vyaduse n`ibijanye n`ibiciro vy`imiduga ija mu gihugu hagati kuko itike rivugigwa mwibanga,ngo nkahahora harihwa ibihumbi bitanu ubu ni hagati y`ibihumbi munani na cumi.

Icibonekeza n`ukwabafata ingendo ari benshi barindiriye kubituro vy`imiduga ija hagati mugihugu.

Ivyo bikaba vyama nkuko iyo hageze mu mpera z`umwaka kuko benshi cane cane abakozi bo mumazu baduga kubwinshi iwabo guhimbarizayo imisi mikuru,n`abanyeshure batari bake bari muburuhuko baraduga kubwinshi.

Iryo duzwa ry`ibiciro rero riratera ingaruka mbi iyo imisi mikuru irangiye kuko usanga imiryango yarasesaguye igakoresha uburyo bwinshi bwokoreshejwe muyandi mezi.