abatanguye umwaka mu marira


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 5 janvier 2021  à 11 : 43 : 38
a

Kuva mumpera z’indwi isozera umwaka twaraye turangije gushika kuru wambere abantu cumi na batanu(15) nibo bamenyekanye ko bitavye imana bahitanywe n’imirwi y’abagizi ba nabi.

Abanyuma nabo kuruyu wa kane nzero bose bo mumuryango umwe ugizwe n’abantu batandatu bo muntara ya Karusi baraye bagandaguwe n’abicanyi bataramenyeka babasanze munzu igihe c’isaha zitanu z’ijoro.

N’umuryango wa Donatien Mpfayokurera umukukuruke mugipolisi, umupfasoni wiwe Kabanyinya Virginie n’abana bane.

Batatu nabo biciwe muri komine ya Mugamba muntara ya #Bururi aho bakuwe mumodokari nabantu bitwaje ibirwanisho igihe c’isaha imwe y’ijoro, bandi batatu nabo barakomereka n’ay’imodoka barimwo iraturirwa, n’ubu abakoze iryo bara bakaba bataramenyekana.

Abandi banyuranye n’umwaka mushasha bahitanywe n’ubwicanyi ni Antoine Ruceke icegera c’umukuru w’umutumba Maramvya ya komine Burambi muntara ya #Rumonge yishwe arasiwekurugo iwe kumusi wa 2 igenekerezo rya 30 igihe c’isaha zine z’ijoro.

Zack Nzeyimana wo mumihigo muntara ya #Kayanza hamwe na Charles Basesumunwa aturuka muri komine Gahombo muntara ya Kayanza nyene bishwe kumusi wa Gatanu uheze barasiwe kumihana yabo.

Umupfasoni umwe nawenyene yaritavy’imana kur’uyu wa kane yishwe n’abicanyi bamurashe bamukuye mumodokari barimwo na bagenzi we muri komine Mugongomanga yo muntara ya #Bujumbura batatu barikumwe barakomereka, hari igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro.

Uwundi yishwe nuwo muntara ya #Cibitoke muri komine Murwi yishwe nabagenziwe bapfuye inzahabu nkuko abategetsi baho babivuga hari kumusi wa gatatu igihe c’isaha cumi n’imwe zumuhingamo wo kumusi wa gatatu.

Kurubwo bwicanyi bwose hakoreshejwe ibirwanisho ababukoze nubu ntibaramenyekana ndetse nigipolisi akaba atavyinshi kirabivugako.