Burundi : Amashirahamwe ariyamiriza ibinyamakuru vy’aba Faransa


Yanditswe na: Jean Marie Vianney Ndacayisaba , lundi 10 juin 2019  à 12 : 24 : 00
a

Amashirahamwe avuga ko yigenga mu Burundi kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2019 yazindukiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ibinyamakuru n’amaradiyo vyo mu Bufaransa RFI, TV5 Monde na Journal Le Monde.

Ayo maradiyo y’Abafaransa yiyamirijwe n’ayo mashirahamwe inyuma yaho agiranye ikiganiro n’umupfasoni Marguerite Barankitse aramutswa ikigo Maison Shalom ybu gikorera mu gihugu c’Urwanda, akaba ari muronderwa n’ubutungane bw’u Burundi kubera igeragezwa ry’uguhirika ubutegetsi ryo kuwa 13/5/ 2015.

Icatumye bihereza amabarabara ngo nuko ivyo binyamakuru vyerekanye ko bishigikiye abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’uburundi mu 2015, mu gukora inkuru ngo yoba yarambitse ibara igihugu. N’ ikiganiro abasanzwe bajejwe gukurikiranira hafi ibinyamakuru bavuga ko cari gihengamye.

Kuruhande rw’abari bitavye iyo mwiyerekano basaba ko ivyo binyamakuru mpuzamakungu bitokwivanga muri politike y’igihugu c’Uburundi ko ata nzu iriko irasha, amahoro n’umutekano bikwiye. Bagira ko bamenyesha ko batazokwihanganira ako gasomborotso ivyo binyamakuru bigomba kugirira uburundi.

Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Delahousse Laurent, yabwiye abamenyeshamakuru bari baje gukurikirana ivy’iyo myiyerekano ko Amaradiyo yo mu Bufaransa aha ijambo bose atawe akumiriye.