kugara imbibe ntivyubahirizwa.


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 21 janvier 2021  à 11 : 19 : 27
a

Haracibonekeza uruja n’uruza kurubibe uburundi buhana n’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi.

Tubisoma kurubuga rw’ishirahamwe OIM riraba ivy’uruja n’uruza kw’isi,aho rimenyeshako kuva uburundi bufatishe ingingo zokugara imipaka hibonekeza abantu baguma barengana.

Iryo shirahamwe rikavuga ko ingendo ziharugwa 1095 arizo ziboneka ko zakozwe kurubibe ivyo bihugu ukwari bibiri bisangiye, aho ni muduce twa Kagazi,Rukana,Kigazura na Ndava.

Kurico ngitigiri c’izo ngendo zibonekeza,ibice 82 kw’ijana akaba ari abarundi ibindi 18 kw’ijana ivyabanyagihugu ba Congo.

Imvo akaba ari nyinshi , ngo ibice 36 kw’ijana ni kumvo z’ubutunzi ,35 kw’ijana nabo nabariko batahuka iwabo,hakaba kandi ngo nabajabuka bagiye gusuma ibidandazwa abandi bagiye kwivuza.

Izombibe zikaba zugawe muntumbero yokugwanya ikiza ca Corona virisi.