amatagisi ku mabarabara


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 26 janvier 2021  à 10 : 59 : 01
a

Hari ukutabona kumwe kw`itozwa ry`amatagisi ku mabarabara yo muntara ya Rumonge.

Abagendesha imiduga yunguruza abantu mw`ibarabara rya Bujumbura Rumonge baridoga ko batoroherezwa mu makomine bacamwo yo mwiyo ntara ngo kuko babatoza amafaranga uko binjiye mw`ikomine .

Kuri iryo barabara abakozi ba komine bashira umugozi mw`ibarabara bafise n`udutabo bataburamwo amatagisi ya komine.

Uva i Bujumbura umugozi wa mbere ukaba uri neza neza mu bwinjiriro bwa komine Bugarama y`intara ya Rumonge.

Imodokari yinjiye muzijejwe kunguruza abantu n `ibintu zikabanza guhagarikwa zikarihishwa.

Wigiwe imbere winjiye muri komine Rumonge uhasanga uwundi mugozi nawonyene bagusaba kuriha igitansi ca komine w`injiyemwo.

Amafaranga atozwa akaba ari hagati y`amajana atanu n`igihumbi ku muduga umwe umwe.

Ivyo bikavyura impari hagati yabagendesha izo modoka hamwe nabatoza ayo makori,kuko abatwara iyo miduga bavugako ayo makori ari umurengera,bamwe bati intara ya Rumonge iraturenganya ngo kuko itwaka amahera yumurengera,abandi nabo bakidoga ko amahera barihishwa atazwi ngo kuko baba bakwije ibisabwa vyose.

Abatoza ayo matagisi bo bakavugako ari abakorera i komine kandi bafise n`ibitabo vyabigenewe.

Ivyo biruko mugihe Reta y`uburundi yahaye ikomine imwe imwe yose mugihugu amafaranga angana n`imiriyoni amajana atanu(500.000.000fbu ) yokwitezimbere mu migambi yayo.