Inkomoko y’izina inyerere


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 2 mars 2021  à 12 : 41 : 10
a

Inyerere kera aho zambarwa hose zari zifise insiguro.

Insiguro y’inyerere nkuko tubiyagirwa n’abakurambere,ngo kera abarundi baryama kubirago, ivyo navyo rero babisiga amavuta kugira vyorohe ntibihande canke ngo bibabaze abavyifuka bakanabiryamako.

Kuber’ivyo umwigeme iyo agiye kubaka urwiwe bamwambika inyerere munda no kumaguru, izo nazo ngo zaba zifise akamaro hageze kuburiri.

Kubera vya birago baryamamwo vyaba bisize amavuta vyaraheza bikanyerera.
Rero kugira ntanyerere mugihe co kurangura amabanga yabubatse, umugabo yacisha ino rikuru muri zanyerere zo kukuguru ukuboko nako kugafata iziri munda gutyo banyerere bakanyererana bose.

Nico gituma benshi mubatama baho hambere wasanga ino rikuru ryaramugaye canke rifise inkovu.

Inyerere rero zambagwa kumaguru neza neza hejuru y’ikirenge zikaba zari mubwoko bwinshi,hari iz’umuringa n’iz’ubuyeye,izindi zambarwa mukiyunguyungu.

Abazambara baba ari abagore ,nta mukobwa yambara inyerere, aho mugihe ca none tubona abigeme benshi bamaye ibisa nazo kubirenge no munda bakavyambara nko gushaza .

Abensi mukibano babiha insiguro zitandukanye kuko bamwe bafatira kunsiguro zo hambere bagaca babona ko abo bigeme bataye akaranga kuko zambarwa nabamaze kubaka izabo gusa.