Ishurwe rifise ikibanza giki ?


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mercredi 17 mars 2021  à 10 : 15 : 32
a

Ishurwe siryavuba mu barundi, ryamye ari ikimenyetso gikomeye .

Kuva kera mu barundi ishurwe camwe ari ikimenyetso ciza kandi gikoreshwa haba mubihe vyakanyamuneza canke mubihe vy’umubabaro.

Amashurwe turayabona mumanza nyinshi zaba izo gushingurana iteka abapfuye,iz’ubukwe,izo kwakira impamyabushobozi n’izindi.

Hejuru y’imanza turabona abarundi basigaye bakoresha amashurwe haba mubijanye no kukeza ababo bibarutse,kwakira abavuye mumahanga, kwifurizanya isabukuru n’utundi tuganuke twinshi.

Gukora,guhingura no kudandaza amashwe rero bikaba vyarijukiwe n’abatari bake mubisagara harimwo na Bujumbura.

Abakora umwuga wo guhingura no kuryohora amashurwe mu bibanza bitandukanye vyo mugisagara ca Bujumbura baremeza ko ari urudandazwa rwiza rubatungiye imiryango kandi barukora bisunze amategeko kuko bariha amakori yose.

Umwe mubo twaganiriye yatumenyesheje kwabimazemwo imyaka igera kuri itanu ko atantambamyi kiretse ko harigihe gishika amashurwe agakena aho bayarangura bakayabura bigatuma abayakeneye bataronka ayobifuza .

Amashurwe bakoresha menshi akaba ava mumisozi ihanamiye igisagara aho hari nababa mwiyo misozi basigaye bayarima .