Tanzania igiye kuramutswa umupfasoni


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 18 mars 2021  à 12 : 39 : 58
a

Inyuma yurupfu rwa Perezida John Pombe Magufuri, hamenyekanye uwugiye kuyobora ico gihugu hisunzwe ivyanditswe mw’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Samia Suluhu Hassan, umupfasoni yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu niwe agiye kuramutswa igihugu ca Tanzaniya inyuma y’urupfu rwa John Pombe Magufuri yahora akirongoye yitavy’imana kur’uyu wa Gatatu afise imyaka 61 nkuko vyashikirijwe n’iradiyo yico gihugu.

Uyo mupfasoni nawenyene w’imyaka 61 avuka mw’izinga rya Zanzibar ryegukira Tanzaniya ngo atamanyanga agiyemwo, hagakurikizwa ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu ingingo yaryo ya 37 niwe agiye kurahirira amabanga yo gutwara Tanzaniya ikiringo c’imyaka 5 yari yatorewe umuhisi Magufuri co gushika mu 2025.

Ngo hari intambamyi nyinshi zimwaka amahirwe yo gusubirira Magufuri naho ibwirizwa nshingiro ribimurekurira :
Kubw’abasesanguzi baho muri Tanzaniya ngo kuba atari soma mbike nibicocoro vyo mumugambwe uri kubutegetsi #CCM bishobora kutazomworohera gusubirira Magufuri.

Eka nibindi bicocoro vyo mumugambwe CCM uri kubutegetsi bitari mw’idini rya Islam navyonyene ngo ntivyerekwa uwo mupfasoni.

Kuba izinga rya Zanzibar aturukamwo rishaka kwiyonkora kuri Tanzaniya, kandi hama hatsinda abadashigikiye ubutegetsi, akaba atamukuru w’igihugu aturuka aho arigera atwara navyonyene ngo bishobora ngo bishobora kumubera intandaro.

Samia Suluhu Hassan yize ivyubutunzi mubwongereza, akaba yarakoreye ishirahamwe mpuzamakungu ritanga ibifungurwa #PAM nahandi.

Akazoba abaye umupfasoni wambere wo mukarere ka afirika y’ubuseruko abaye umukuru w’igihugu.