Ubusuma bwakozwe n’abakokayi


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 19 mars 2021  à 13 : 41 : 40
a

Ingingo yo gukuraho itozwa ry’ amafaranga kubituro vy’imiduga yunguruza abantu vyahora bikorwa nabitwa abakokayi yashimangiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu,iterambere rusangi n’umutekano.

Munana yo kuwa 19 Ntwarante yahuje umushikiranganji ajejwe ivy’intwaro yo hagati n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abarongoye amashirahamwe ahurikiyemwo abunguruza abantu mugihugu cose yokurabirahamwe inkwirikizwa ry’ingigo yafashwe kuwa 4Ntwarante, basanze koko ivyahora bikorwa n’abakokayi ari ubusuma kandi bidahuye nivyo bari basabiye uruhusha muri ubwo bushikiranganji inigihe basaba uruhusha rwo gukorera kumugaragaro.

Kubijanye nuko abo bakokayi bahora bahagarariye umutekano,Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko igikorwa c’umutekano aric’umurundi wese ahaherereye bakagifashanya n’inzego zibiujejwe.

Umushikiranganji akaba yasavye ikigongwe abanyagihugu mu kibanza ca Reta na cane cane ubushikiranganji aramutswa ko basamaye batakwirikiranye ibikorwa biriko bikorwa nayo mashirahamwe.

Yarangije amenyesheje ko hagiye gushirwaho umugwi muri ubwo bushikiranganji uzokwiga neza amafaranga yibwe n’abantu bose babigizeko uruhara bashengezwe.