inda z’indaro ziratesha agaciro


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 23 mars 2021  à 12 : 14 : 56
a

Abakobwa bavyara batarubaka izabo bahura n’ibibazo bitari bike,hama mukibano eka nokugira bibesheho ntibiborohera kuko usanga henshi babakengera.

Divine n’umwigeme yatwayinda ahejeje amashure yisumbuye yatumenyesheje ko amaze imyaka igera kuri 10 yibarutse mukibano ntibamuraba ryiza eka mbere n’umusore agiye kumuresha baca bamuhanura kumuheba kandi atakindi amuhoye.

Bella numwe mubashikiwe nico kibazo, yari umukozi wo munzu, amaze gutwarinda yaraduze iwabo baramwirukana acahitamwo kugaruka mugisagara ubu abana n’abandi nkawe bagateranira kuriha inzu, icakora atembereza imwumbati mibisi arondera abamushorera, ngo naho biruhisha ntakundi yotunga umwana narirya uwamumuvyariye atasubiye kumubona.

Umuvyeyi umwe yatumenyesheje ko naho amajambere yaje umukobwa bishitse akavyara ari umunyeshure aheza agasubira kwishure ngo ntibibuza ko atakaza icizere kubantu ngo kuko bamubonamwo ingeso mbi naho ataba ariwe wenyene yakoze amakosa.

Muri abo bigeme ngo hari nabavyarana n’abagabo bubatse izabo,ndetse harimwo nabajejwe intwaro ugasanga babategetse kubinuma ntibabavuge bakazobaha ibitunga umwana mumpisho .

Kurabo bigeme bavyaye ngo ubuzima ntibuheza ngo bworohe kuko abo bavyaranye babihakana bamwe bakemera umwana gusa,bigatuma badaheza ngo baronke abo bubakana bandi.