Baracasaba umuco n’ubutungane


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 5 avril 2021  à 11 : 04 : 54
a

N’abapfasoni bapfakajwe n’urwimo rwo 1994 bahurikiye mw’ishirahamwe AVOD hamwe n’impfuvyi basigaye bareze.

Basaba umuco, ubutungane n’impozamarira kurupfu rwa Cyprien Ntaryamira n’abo vyarikumwe kuko indege barimwo ngo yarifise ubwishingizi.

Ahishakiye Adela arirongoye avuga ko mumuryango wababuze arumubabaro n’agahinda kubona imyaka 27 irumanye aragacerere kw’ikororwa ry’indege yarimwo umukuru w’uburundi Cyprien Ntaryamira yararongoye Uburundi hamwe n’abamwe mubashikiranganji bari muri Reta yiwe.

Agasaba Reta y’Uburundi gutangaza ukuri hamwe n’ubutungane ataho bwegamiye kuriryo bara narirya imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yaguyemwo iriko iterij’imbere.

Ko impfuvyi n’abapfakazi bokwibukwa mukubaha ubuzi n’utundi turusho tw’impozamarira kuko ngo usanga barihebuye.

Mukibuka ko Cyprien Ntaryamira yaguye mundege yakorowe igeze hejuru yikibuga c’indege c’Ikanombe Ikigari mugihugu c’Urwanda mumwaka kuwa 4 Ndamukiza 1994 arikumwe n’uwatwara Urwanda Juvenal Havyarimana.

Ntaryamira yaguye muriyo ndege arikumwe n’abashikiranganji 2, Ciza Bernard hamwe na Cyriaque Simbizi bavuye mubiganiro vyo kurondera amahoro muri Tanzaniya.