Samuel Ndayiragije niwe aramutswa ishirahamwe ry’abarundi muri Amerika


Yanditswe na: BURUNGA NEWS , mardi 2 juillet 2019  à 06 : 01 : 10
a

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30/6/2019, niho abarundi batari bake baba muri Amerika bakoranira muri Phoenix Arizona ngo bahimbaze imyaka 57 iheze uburundi bwikukiye bongere bamenye ivyavuye mumatora y’abarundi baserukira abandi muri Amerika yose mw’ishirahamwe BDUSA (BURUNDIAN DIASPORA IN USA).

Samuel Ndayiragije (uwo ari hagati kwi photo) akaba ariwe yatowe ngo aserukire abarundi baba muri Amerika bose mukiringo c’imyaka 3, nkuko tubomenyeshwa n’amakuru ava ngaho i Arizona.

Nkuko yagumye abigaragaza mugihe yariko ariyamamaza, Samuel Ndayiragije avugako ivyo yemeye vyose azobishira mu ngiro. Bike muvyo yiyemeje ni gukora ibishoboka vyose ngo abarundi bari muri Leta zuzunze ubumwe za Amerika basenyere ku mugozi umwe, bavavanure n’akageso ko kwikunda.

Ikindi agarukako ni ugukora ibishoboka vyose ngo abarundi muri Amerika bakore ikintu kiboneka kizogirira akamaro abarundi bari muri Amerika n’abana babo, bongere baterere umuganda udasanzwe mukwubaka Uburundi igihugu ca bibarutse.