#Somaliya : Abasirikare b’abarundi bahimbaje umusi mukuru wo kwikukira


Yanditswe na: Jean Marie Vianney Ndacayisaba , mercredi 3 juillet 2019  à 10 : 57 : 08
a

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Mukakaro 2019 mugisagara ca Mogadisho mu gihugu ca Somaliya, abasirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu baritabiriye ibirori vyo kwigina imyaka mirongo itanu n’indwi (57) iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira.

Ivyo birori vyo kwigina intahe yo kwikukira vyabereye kucicaro ca AMISOM mu gisagara ca Mogadisho, vyari vyatewe iteka na Francisco Madeira intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika akongera agaba ari nawe arongoye AMISOM. 

Ivyo birori kandi vyari vyitabwe n’umugaba mukuru w’ingabo za AMISOM generale Tigabu Yilma Wondimhunegn, generale Fidza Dludlu arongoye abagize umuryango mpuzamakungu wo gushikirana AMISOM, nkuko tubikura mw’itangazo ryasohowe na AMISOM.

Mw’ijambo ryiwe, ambassaderi Madeira yarashimiye cane abasirikare b’abarundi bahurikiye muri AMISOM kukuntu bitanga batiziganya muguharanirira amahoro n’umutekano muri Somaliya.

Agira ati : “AMISOM irashimira cane uburongozi n’abanyagihugu b’igihugu c’Uburundi mukwitanga batiziganya vyatumye amahoro n’umutekano bigaruka mu gihugu ca Somaliya”, nkuko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha.

Ambassaderi Mandeira yarashimiye Leta y’Uburundi kukuntu bitavye akamo batewe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mukugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya. Arongera arashingira intahe inteko z’abasirikare b’abarundi ukuntu barangura ico gikorwa bashinzwe mukurwaniriza hamwe umwansi.

Igihugu c’Uburundi catanguye kurungika inteko z’abasirikare mu murwi AMISOM mu gihugu ca Somaliya guhera muri Kigarama 2007, kikaba gifiseyo abasirikare barenga ibihumbi bine (4000). Ibindi bihugu vyakoze ico gikora co kurungika abasirikare muri Somaliya ni igihugu ca Djibouti, Ethiopia, Kenya hamwe na Ouganda.

Muri kino gihe, abasirikare b’abarundi akaba aribo babazwa umutekano mukarere ka Shabelle yo hagati hamwe no mugisagara ca Jowhar. Twobamenyesha kandi ko abasirikare b’abarundi babaye imboneza mugufasha kugarukana igisirikare c’igihugu ca Somaliya ku ntwaro nfatakibanza.

Liyetena koroneri Ciza Justace yaserukiye umuryango w’abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya yaratanze, imbere y’abashitsi kahise karanze Uburundi kuva bwitwa Uburundi gushika buronke intahe yo kwikukira.