Bujumbura : Inzoga zibujijwe zasubiye kwibonekeza mubundi buryo


Yanditswe na: Dieudonné Ndanezerewe , lundi 22 juillet 2019  à 12 : 51 : 38
a

Ugukora n’ukudandaza inzoga zitemewe n’amategeko ndetse zikorwa hadakurikijwe amabwirizwa y’isuku vyasubiye kwibonekeza mugisagara ca Bujumbura na cane cane muri zone Kinama kuburyo butari busanzwe bumenyerewe.

Nkuko twavyiganiwe n’abanyagihugu ahotwagiye turaca muma karitiye agize zone ya Kinama nka Muramvya, Gitega, Bururi, Bubanza Bukirasazi, Buhinuza, izonzoga ngo zirubwoko butandukanye.

Kubwabo banyagihugu, ngo hariho izitwa Umudiringi, igiti, ikanyanga, n’umunanasi bikorwa bikongera bikandandarizwa mukinyegero.

Nubwo reta ishaka kurandurana n’imizi izo nzoga, abo bazidandaza batoye ayandi mayeri yo kuzindandaza.

Nkuko twavyiganiwe n’anyagihugu ndetse tukongera tukavibonera, nk’umudiringi, igiti,n’umunanasi zisigaye zidandarizwa mubirabo bidandaza inzoga y’ibitoke yemewe ikongera igakorerwa mugihugu yitwa Rugombo.

« Ikanyanga » nayo ikakandandarizwa muma kioske asanzwe adandaza iyindi nzoga isazwe yemewe yitwa « Karibu ».

Nkuko tubandanya tubimenyeshwa, izo nzoga zirakundwa cane kubera igiciro cazo giciriritse, ningene ziborera n’ingoga kubazihereza.

Iyo Kanyanga idandazwa muducupa dutoduto tudandazwamwo Karibu ndetse zigaca zitwako zirangwa n’ibiranga iyo Karibu kugirango bayovye inzego z’umutekano zohava zibafata.

Abahumure, urwaruka burimwanya baza umwumwe kurayo ma Kiosque kuyigura kugiciro kiri hagati y’amafaranga 500 na 1000 bivanye n’ivyo agacupa gapima.

« Upfa gusaba uwudandaza wicishije bugufi kandi utavugiye hejuru ubwonyene baca baguherza, » bivurwa n’uwuyihereza twasanze imbere yaho bayindaza muri karitiye Ruigi.

Abotwaganiriye bavugako bayihereza kubera ubukene butuma badashobora kwigurira izizimvye nk’ikiyeri kigurwa 1500 kandi ngo iyukinyoye utumva icunyoye, ngo ugumana inyota.

Kuribo ngo wifitiye nka ’00, 700, 1000 y ‘amarundi uratumira n’umugenzi, ariko bakanemera ko zonona amagara yabo.

Baravuga ko nkiyo hagira habe isekeza ryo kuzisesa, baba baronse amakuru bagaca bazinyegeza hamwe n’ivyo bakoresha.

Twobamenyesha ko abanyagihugu benshi, abakiri bato, abakuze bo mubitsina vyose baturuka mu Kinama barihereza izonzoga naho reta y’Ubrundi ibandanya iziyamiriza ndetse yongereza n’ibihano kubazifatanywe.