Isi ndimwa y´uburundi yaratitutse.


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mercredi 13 novembre 2019  à 11 : 12 : 31
a

Ikigo c´igihugu kijejwe uburimwi n´ubworozi ISABU kimenyesha ko isi ndimwa y´uburundi yaratewe n´umurazi nticimbuka ibitegwa nkambereni.
Nico catumye ico kigo gikora ivyigwa kugira kimenye uko vyifashe hamwe n´icokorwa.

Mu vyigwa bakoze, barashize ahabona kuruyu wa 12 Munyonyo2019 amakarata azofasha kwerekana urugero rw´umururazi ruri mw´isi ndimwa bivanye n´igice cose c´igihugu bamaze gukorako ivyo vyigwa.

Umuyobozi w´ikigo c´igihugu kijejwe uburimyi n´ubworozi ISABU, Ir Dieudonne Nahimana yaramenyesheje ko bamaze gukora ivyigwa kuma komine 14 y´igihugu bikazobandanya no kuyandi.

Nahimana akamenyesha ko hakwiye gukoreshwa ishwagara muguhangana nuwo mururazi no mukugarukana akanovera k´isi ndimwa.

Bernard Habonimana ajejwe ubuhinga mukigo ISABU arasigura uko ayo makarata azokoreshwa n´ubwoko bw´ishwagara bafisi mukigo ISABU.

Bahamagarira abarimwi kwegera abafundi b´indimo no kwijukira gukoresha ishwagara, kandi ko ishwagara iriho kugwego rushimishije murico kigo c´uburimyi.