Evariste Ndayishimiye umucandida wa 2020


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 27 janvier 2020  à 11 : 09 : 53
a

Umukandida agira 6 mu kibanza c’umukuru wigihugu yaraye abonetse.

Uwo nawe akaba ari Evariste Ndayishimiye w’umugambwe CNDD FDD yatowe kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2020 mw’ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe ryabereye mu ntara ya Gitega.

Evariste ninde ? Umugabo w’imyaka 52, yavukiye muri komine Giheta y’intara ya Gitega kugeza ubu yari umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri Ku butegetsi, CNDD FDD. Itazirano yaherewe Ku rugamba ni :"Neva".

Yagize ivyigwa vy’amategeko, imbere yo kubihagarika kubera ubwicanyi bwabereye muri kaminuza y’uburundi mu mwaka 1995, aca aja kurugamba.

Inyuma y’amasezerano yo guhagarika intambara yo mu mwaka w’2003, yaciye agenwa kurongora ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano w’abanyagihugu, mu nyuma aba umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ivya gisirikare munyuma aba uwujejwe ivya gisivire.

Yarabaye n’icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare (chef d’Etat major adjoint).

Yahavuye ahindurirwa amabanga agirwa umuyobozi mukuru wa SOBUGEA.

Evariste Ndayishimiye yatorewe kurongora umugambwe CNDD FDD kuva mu kwezi kwa munani 2016.

Evariste Ndayishimiye ahejeje gutogwa mw’ijambo ryiwe yabanje gushimira Imana yo imushikanye kur’iyo ntambwe.

Akavuga ko igihugu c’Uburundi akizi kandi n’abakibamwo azi ubuzima bwabo kuko yaronse akanya ko kuzunguruka igihugu cose kandi akaba yarabaye mubuzimo butandukanye,aho akavuga ko yabaye umutware kandi ko yatwawe nawe nyene.

Ati rero ndizeye kuzoshimisha bose kandi akizera ko n’abatari muri uyo mugambwe ko bazomutora.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yaciye asaba abagumyabanga bose nacane cane uwo yashizwe imbere ko bokwama bayoboka Imana bakagendera kw’ijambo ryayo.

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’abategetsi batari bake harimwo abaserukira ibihugu bitandukanye eka n’abakuru b’imigambwe yindi yemewe n’amategeko.