Mugihugu ca Congo hari abarundi bagera ku...


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 16 mars 2020  à 12 : 14 : 23
a

Mugihugu ca Congo hari abarundi bagera ku 1400 bibonekeje mu gisagara ca Goma mumpera ziyi ndwi irangiye.

Abo barundi bakaba bateye amakenga abajejwe indwaro murico gice ca Goma kuko ngo nimpapuro zinzira bafise zimaze umwaka zaratayigihe bikaba bitumvikana ingene abantu bagera kurico gitigiri bokwegeranira ahantu hamwe mu gihugu kitari icabo.

Nkuko amakuru akavuga ko abo bantu bagwiriyemwo abakenyezi n’abana boba ari abayoboke buwitwa ZIBIYA.

Abo barundi bakavuga ko bashaka ubuhungiro murico gihugu.

Ivyo biruko mugihe mu mwaka 2017 abayoboke buwo Zebiya bari mugihugu ca Congo bagera 38 bahasize ubuzima abarenga 100 bagakomereka,inyuma yimwiyerekano bakoze basaba ko bagenzi babo 4 barekugwa.

Abo nabo bari bafashwe bagirizwa yuko banse ko babagirira imyidondoro ikorerwa izindi mpunzi hakoreshwejwe ubuhinga bwa none kuberako imigenzo yuwobayoboka itabibarekurira.