Inkwirikizi za COVID-19


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , lundi 23 mars 2020  à 13 : 21 : 30
a

Isi iri mugahombo kagera ku Miriyoni 25 y’akazi kubera ikiza ca Korona virisi.

Ivyo biharuro vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe akazi kw’isi (Organisation Internationale du Travail) aho risigura kw’isi yose hagiye kwibonekeza urumbo runini mukazi aho ibisata vyinshi biriko birugara.

Akarorero n’akiri shirahamwe ry’abanyamerika ryunguruza ingenzi rikoresheje indege Delta rimenyesha ko rimaze gutakaza abakozi bagera kubihumbi 10 mu bakozi bangana ibihumbi 91 risanzwe rikoresha abo nabo , mwitangazo yashize ahabona mundwi iheze rivuga ko bagiye kugushaka kwabo.

Iryo shirahamwe riraba ivy’akazi kw’isi ribandanya rivuga ko ivyo ibiharuro ari ivyimfatakibanza nkuko biri mwitangazo ryiryo shirahamwe aho rimenyesha ko isi iriko irahomba cane kubijanye nakazi.

Rikanasaba ko hofatwa ingingo zikibiriraho kuburyo 3 : ingingo yo gukingira abakozi bari kumirimo,iyo kunagura ubutunzi hamwe niyo gukingira akazi nimishahara .

Izo ngingo zikaba zofasha cane mugukinga impanuka kubijanye nakazi.

Iryo shirahamwe rirangiza itangazo rishima ingingo zimaze gufatwa zorohereza abakozi.