Yegereyegere m`umurwi Gymkhana


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mercredi 5 août 2020  à 12 : 03 : 37
a

Abakinyi b’umurwi Gymkhana bari muri yegereyegere.

Vyatanguye igenekerezo rya 2/8/2020, abakinyi Munezero Ghyslain, Jimbere Paulin na Arakaza Trésor ni kuvuga uwuserukira abandi (capitaine) icegera ciwe hamwe n’uwujejwe inyifato.

Bamenyesha uwurongoye uwo mugwi wabo yuko batiteze kubandanya kwitegurira ihiganwa rigiye gutangura, bataganiriye ku bibazo bibahanze.
Ivyo bashikiriza ni ugukurikiranwa neza kwa batoyi babo bari mu cicaro B, uguhabwa amasezerano.

Ivyo vyifuzo vyabo nk’uko babimenyesha, vyabaye inyuma y’inama bagiranye n’abakinyi baserukira igenekerezo rya 31/7/2020.

Haheze iminsi ibiri (4/8/2020), Anicet Kwizerimana arongoye umurwi Gymkhana yarabishuye mw’ikete.

Yabanje abibutsa ko igenekerezo rya 2/9/2018 babandikiye babihaniza gushiramwo ivyiyumviro bibi urwaruka rwa Gymkhana, batako baravyumva, haba ukwumvikana ivyatumye bagira ihiganwa ryiza nkuko babirabiye hamwe mu mwiherero bagize mw’Ijenda 14 mars 2020.

Uwo arongoye iryo higanwa ati nyabuna aho guca mu nzira zibereye, murondera abanyamuryango ba Gymkhana ku giti cabo umwumwe kugira ngo muducanishemwo.

Ati : « None raba abakinyi bari muri yegereyegere ».

Mur’iryo kete, Anicet Kwizerimana amenyesha yuko komite nyobozi ya Gymkhana yakoranye vyihuta ica ifata ingingo yoguhagarika abo bakinyi 3 ku kiringo c’imyaka 2 giharurwa kuva itariki 4/8/2020.

Ariko amenyesha ko iyo ngingo ishobora gufutwa nka hamwe abo bakinyi bokwerekana ko bashobora kwiyemeza gukurikiza amabwirizwa n’akarangamutima bigenga Gymkhana.

Ivyo biriko biba mu gihe ihiganwa rya basketball rigira ritangure.
Umugwi Gymkhana akaba ari umugwi w`umupira w`amaboko basketball wo mu gisagara ca Bujumbura.