Umutegetsi wese asabwa kwerekana amatungo afise


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 25 août 2020  à 09 : 37 : 22
a

Umukuru w’igihugu yaraye atangaje ko hagiye kuba isekeza ryo kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yahamagariye abategetsi bose kwerekana amatungo yabo,ayo basanganywe imbere yo kwinjira munzego muntumbero yo kugwanya ibiturire.

Mu mwaka 2019 ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya ibiturire ryashize uburundi mu bihugu 10 vyambere kw’isi birangwamwo ibiturire, amashirahamwe yo mu Burundi akwirikiranira hafi ibijanye n’ubutunzi agatuma urutoke abategetsi kwaribo cane cane baza kw’isonga mukurya ibiturire.

Kuriyo mvo umukuru w’igihugu asaba abari munzego kwerekana amatungo yabo kugira bazivuyemwo berekane kwataco bagire bononye kuko mugihe bakiri mumabanga ata sentare yaba ijejwe kugwanya ibiturire canke parake nkuru ijejwe kugwanya ibiturire zishobora kubakwirikirana.

Ivyo yabishikirije mw’ihuriro ryari ryateguwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro mu ntara ya Ngozi muntumbero yo kwibuka uwahoze arongoye uburundi Petero Nkurunziza.