Intango y’umwaka w’ishure iragora


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , mardi 8 septembre 2020  à 11 : 14 : 00
a

Iyo umwaka w’ishure utanguye hahinduka ibitari bike haba kubanyeshure canke kubavyeyi.

Abana bahejeje ishure shingiro barahindurigwa amashure bivanye n’ibisata bishasha bagiye kwiga intango igaheza ikabagora kumenyera.

Umuvyeyi twashoboye kuganira yatubwiye ko umwana wiwe yarangije ishure shingiro bikaba vyamusavye kuja kuraba aho azokwiga n’igisata bamuhaye.

Abandi bavyeyi bati :"umuvyeyi ategerezwa kuvyuka kare cane akaraba kw’ibikoresho vy’abana bikwiye kandi akabona ko batonze kw’ishure agaheza nawe akabona kwitegura akaja kumirimo"

Ngo iyo ari umukozi wa leta biragoye gushika kukazi kugihe mugihe n’ikibazo c’imiduga yunguruza abantu gisanzwe kitoroshe.

Ngo hari n’abavyeyi basiba kumirimo kubera abana batararonka aho binjira bigasaba ko abavyeyi babaherekeza gushika babonye ko bize.

Umwaka w’ishure ukaba waraye utanguye kuri uyu wa mbere mu gihugu cose aho wuguruwe icese mu ntara ya Ruyigi n’umushikiranganji w’indero Gaspard Banyankimbona.