Inkono z’ikirundi


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 11 septembre 2020  à 11 : 14 : 14
a

Abarundi bari abashakashatsi,bari bazi gukora ibikoresho vyankenegwa nk’ivyo batekamwo,ivyo barimisha,n’ibindi.

Inkono yahingugwa n’abarundi ubwabo mu mwuga bita kubumba.
Mukugira inkono iboneke ngo bisaba umwanya n’ukwitanga kuko Atari igikogwa c’umusi umwe gusa.

Nk’uko twabiyagiwe n’abarundi bo mubwoko bw’abatwa bagikora uwo mwuga nabuging’ubu abo nabo bakaba baba mubice bitandukanye vy’igihugu ndetse naha mu gisagara ca Bujumbura zone ya Buterere.

Ngo batangura kurondo ibumba,iryo naryo barikura mu myonga,bakarisukura bakarikuramwo uducafu nivyatsi vyose,bagaheza bakarikata bakarikamvura neza mpaka ribaye nk’igicumbe c’ubutsima.

Aho rero baca babumba inkono bakayiha urugero bashaka n’iforoma bifuza.

Ivyo biheze inkono barazanikira zikamara imisi atawuzikomakoma hanyuma bakegeranya ivyatsi bakabituririra kurizo ngo kugira zirame(zirambe).

Ariko ngo ubuhombe ni bwinshi kuko hari nyinshi zimeneka.

Twobamenyesha ko inkono cari igikoresho cakenegwa murugo mubikorwa vyinshi,nko kuvoma,guteka,kubikamwo,kugemuramwo,gutaramwo inzoga,n’ibindi.

Ubu inkona zasubirijwe n’amasafuriya,indobo,ibibido,amarudipe, n’ibindi.