Ngo bavuga amajambo batazi inkomoko yayo....


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , jeudi 17 septembre 2020  à 12 : 20 : 30
a

Ngo bavuga amajambo batazi inkomoko yayo.

Abarundi benshi b’ubu ngo baravuga amajambo y’ikirundi batazi inkomoko yayo nkuko bisigurwa n’umwe mubakurambere twaganiriye.

Yaragerageje gusigura amajambo amwamwe benshi bakunda gukoresha ariko batazi insiguro yayo, nk’uko tuzogenda turayabashikiriza.

Afatiye kw’ijambo « Urudubi », amenyesha ko iryo jambo rifise inkomoko kukazu kasugwumwe ariko bita "Akabini"k’aho hambere aho wasanga kubatswe k’uburyo budashemeye.

Ngo bimba ikinogo bakagikingiriza ubwatsi bw’ishinge canke ibihunda kugira ngo uwuri mwako kazu ntaboneke.

Imvura iguye, ivyo bikingirizo vyarashobora guhenuka, ndetse n’ico kinogo kikuzura amazi avanganye n’amazirantoke.

Vyarashika rero serugo atashe buhwibiriye akishongora aja muri kakazu ka sugwumwe, kubera umwijima ntabone ivyabaye.

Yasanga yataye ukuguru mur’ayo mazirantoke avanze n’amazi y’imvura.
Mugutabaza rero yasemerera avuga ati ʺndaguye m’urudubiˮ . Ab’aho hambere baca bamenya ivy’ari vyo.

Urudubi rero n’amazirantoke avanganye n’amazi menshi y’imvura, mugihe abubu bazi ko urudubi ar’ikintu kibi ariko atawushobora gutanga inkomoko yaco.