umurwi Vitalo woba wifashe gute ?


Yanditswe na: Immaculée Inamuco , vendredi 18 septembre 2020  à 09 : 13 : 13
a

Umurwi wa Vital’o ngo wifashe neza cane.

Ngo nah’umaze gutakaza inkino zibiri Vital’o FC ngo wifashe neza muri kino gihe, binyuranye nuko ngo benshi bavyumva mubihuha vyabashaka gusambura uyo murwi babicishije mubinyoma bakwirakwiza kumbuga ngurukana bumeni.

Bishikirizwa n’icegera c’uwutwara umurwi Evariste Mukurarinda mukiganiro uburongozi bwawo bwahaye abamenyesh’amakuru kumuhingamo wo kur’uyu wa kane.

Mukurarinda amenyesha ko ikibazo cari m’uburongozi kigatera n’impari bigatuma bacerwa kugura abakinyi arinayo ntandaro yatumye batakaza inkino zibiri zose ngo cavuye munzira.

N’ikimenyamenya ng’ubu bafitaniye amasezerano n’isosiyete yitwa Vital invest yashize umutahe m’umurwi w’imiriyoni 450 ngo naho ngw’ari mumpapuro.

Vital’o rero ng’afatiye kuri kahise kayo aho yama itangura nabi ariko ngo bitayibujije gutahukana ibikombe 28 vyose nubu ngo ntankeka yizeye kizokwivyukiranya ikabikora.

Kubafise imyidogo kubakinyi ngo boba barirukanywe nka Saido, amenyesha ko atirukanywe ahubwo wenyene atigeze ayubahiriza, abandi nabo ngo amasezerano bari bafitani yararangiye.

Yagiriyeko asaba abakunzi bari mumahanga bipfuza guterera ko bobicisha kw’ikonte y’umurwi aho gucisha mumaboko yabantu.

Arongera akabatera akamo abasaba kubandanya bashigikiye umugwi ngo nuko waciye mubibazo ahubwo ko bowukunda murivyo bihe kuko ngo « umugenzi umubonera mumagorwa »,

« arik’akibutsa ko uwutac’aribukuvune yokuvinyuma. »

Aho naho ngo n’ingingo nshasha agiye gufata muntumbero yo kugumana n’abakunzi bukuri abataribo nabo bakavavanura.

Ariko ngw’akababanzwa nabiyita ngo begerey’umurwi birirwa barandika ibinyoma bitagira imvo n’imvano kumbuga ngurukana bumenyi muntumbero yogusambura umurwi no kuwucafuza.

Arinako kubasaba ashimitse uwo wese akeneye amakuru kubijanye na vital’o guca kunzego zawo ziwurongoye zizwi n’amategeko.

Yarangije yizeza abakunzi intsinzi ya Vital’o m’urukino ruzobahuza na Musongati Fcc ruzobera Igitega.